Uko wahagera

Uburaya mu Nzira yo Guhagarika Amafaranga Ahabwa Abasirikare b'Uburundi


Inzu Inama nshingamateka ya Buraya ikoreramwo
Inzu Inama nshingamateka ya Buraya ikoreramwo

Inama nshingamateka y’umuryango w’ubumwe bwa Buraya mw’itangazo ryayo ryo kuri uno wa gatatu yemeje ko mu Burundi ubwicanyi ndengera butungane, kuboreza abantu igufa, kubafungira ubusa, kubanyuruza, kuburabuza abanyamakuru, abaharanira agateka ka zina muntu n’abatavuga rumwe na Reta biriko birarenga inkombe.

Abashingamateka ba Buraya basiguye ko bafise ubwoba bw’uko indyane za politike mu Burundi zishobora kuzohindukamwo ikibazo c’amoko.

Babivuga bishimikije "inzandiko n’amajambo y’abategetsi bamwe bamwe abiba urwanko, afatira mu kivunga abatavuga rumwe na Reta, abo mu mashirahamwe yigenga, abamenyeshamakuru hamwe n’abatutsi nk’abansi b’ubutegetsi bategerezwa kurimburwa."

Abashingamateka ba Buraya basaba muri iryo tangazo ko amafaranga ahabwa abasirikare n'abapolisi bari mu bikorwa vyo kugarukana amahoro n'umutekano ku rwego rwa ONU na Afrika yohagarikwa kugira Reta yikubite agashi.

Ku bwabo bashingamateka, amafaranga ahabwa abo basirikare afasha mu gushigikira no gukomeza ubutegetsi bw’Uburundi bukanikubita ku gatuza ngo ibintu bigenda neza hagati mu gihugu. Ikindi bashimangira ni uko ayo mafaranga adakoreshwa ku neza y’abanyagihugu.

Umuvugizi wa perezida Nkurunziza Jean Claude Karerwa Ndenzako yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ubutegetsi bw'i Bujumbura budatewe ubwoba n'izo ngingo. Mu ma jambo yiwe yagize ati:” Bariko bakora akazi kabo ka misi yose, niko bama”.

Itangazo ry’Abashingamnateka ba Buraya risohotse inyuma yaho mu nama ya 31 bahoramwo I Nouakchott muri Moritaniya, abakuru b’ibihugu vya Afrika bari basavye ko ibihano vyafatiwe Uburundi vyovanwaho.

Mu gihe Uburundi busanzwe buri mu bihano vyo kutaronswa infashanyo n'umuryango w'ubumwe bwa Buraya, abashingateka ba Buraya bavuze ko bashigikiye ko ivyo bihano bihaguma. Ivyo bihano vyega kandi abategetsi bamwe bamwe bagirizwa ivyaha vyo guhohotera kiremwa muntu bafatiwe imitungo bafise i Buraya bongera babuzwa guhonyozayo ikirenge.

Bimwe mu vyo Reta y’Uburundi isabwa kugira itezurirwe, harimwo ugukorana n’umugwi wa ONU ujejwe gutohoza ku vyaha vyakozwe mu Burundi kuva mu kwezi kwa kane muri 2015, kubaha amasezerano ya Arusha, kurekura abaharanira agateka ka zina muntu bafunzwe bagirizwa guhungabanya umutekano, gutohoza vyihuse kw’inyuruzwa ry’umumenyeshamakuru Jean Bigirimana kugira ukuri kuje ahabona.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG