Uko wahagera

Ubufaransa bugiye kwitwarira Uburusiya ku bijanye n'intambara ya Siriya


Perezida Francois Hollande w'Ubufaransa (mu bubanfu), na Perezida Vladimr Poutine w'Uburusiya (mu buryo)

Perezida Francois Hollande w'Ubufaransa (mu bubanfu), na Perezida Vladimr Poutine w'Uburusiya (mu buryo)

Igihugu c’Ubufaransa kimenyesha ko Uburusiya bushobora kwitwarigwa ku vyaha vyo mu ngwano ku bijanye n’ibitero Uburusiya buriko burakora mu gisagara ca Alepo, muri Siriya. Ivyo vyatangajwe n’Umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu w’Igihugu c’Ubufaransa, Jean-Marc Ayrault, kur’uyu wa mbere kuri Radiyo y’Ubufaransa, RFI.

Ayrault yavuze ko Ubufaransa buzovugana n’abashingwamanza bakorera Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha, CPI, kugira batangure amatohoza. Ni mugihe Uburusiya buhakana ibirego bivuga ko butera abanyagihugu, bukavuga ko bukora ibitero ku bagwanyi b’imigwi y’iterabwoba.

Jean-Marc Ayrault yavuze kandi Perezida Francois Hollande w’Ubufaransa, ashobora kutakira Perezida Vladimir Poutin w’Uburusiya, mu rugendo ategekanya kugira mu Bufaransa kw’itariki ya 19 z’ukwa cumi, aho Perezida Poutine azoba agiye mu birori vyo kwugurura icese ishengero rishasha ry’aba orthodoxe. Ayrault avuga ko abo bategetsi ari hamwe babonanye, azoba ar’umwanya wo kuvugana ukuri.

Kur’uyu wa gatandatu, Uburusiya bwarahagaritse ingingo y’Inama ijejwe umutekano muri ONU, ingingo yari yatanzwe n’ibihugu vy’Ubufaransa hamwe na Espagne, ku bijanye no guhagarika intambara muri Siriya.

XS
SM
MD
LG