Uko wahagera

U Rwanda Rwatumiye Prezida Macron Kwitabira Kwibuka25


Perezida Emmanuel Macron na mugenzi we Paul kagame w'u Rwanda i Paris, mu 2018
Perezida Emmanuel Macron na mugenzi we Paul kagame w'u Rwanda i Paris, mu 2018

U Rwanda rwatangaje ko rwatumiye prezida w’igihugu c’Ubufaransa, Emmanuel Macron kuza kwifatanya n’Abanyarwanda kw’italiki 7 z’ukwezi kwa kane mu kwibuka ku ncuro ya 25 ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi mu mwaka w’i 1994.

Iyo nkuru yemejwe na Olivier Nduhungirehe, umushikiranganji wa Reta ajejwe imigenderanire y’u Rwanda n’ayandi makungu mu kiganiro kigufi yahaye Ijwi ry’Amerika.

Nduhungirehe yagize ati " Ego twaramutumiye. Ukuza kwiwe bizorushirizaho gukomeza imigenderanire myiza hagati y'u Rwanda n'Ubufaransa. Ubufaransa ntaco buravuga kuri ubwo butumire.

Prezida Macron akaramuka agiye muri iyo mihango azoba abaye umukuru w’igihugu c’Ubufaransa agira kabiri azoba agendeye u Rwanda kuva ihonyabwoko rikorewe Abatutsi muri ico gihugu mu mwaka w’i 1994.

Nicolas Sarkozy ni we mu prezida wa mbere yagendeye ico gihugu mu mwaka w’i 2010. Ico gihe yemeye ko Ubufaransa bwakoze amakosa akomeye yamara nta mbabazi yasavye ku ruhara rw’Ubufaransa.

Ubufaransa bwagumye buhakana ko hari uruhara bwoba bwaragize mw’ihonyabwoko ryo mu Rwanda mu mwaka w’i 1994.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG