Uko wahagera

Turukiya Yagabye igitero Muri Siriya


Abagwanyi b’aba kurde bashika kuri batandatu basize ubuzima mu gitero cakozwe na Turukiya, abandi batari bake barakomereka. Ni mu gitero cabereye ku mupaka wa Siriya kur’uyu wa kane.

Nkuko bivugwa n’umugwi ujejwe agateka ka zina muntu ukorera aho muri Siriya, bamwe mu bakomerekeye mur’ico gitero bar’abanyagihugu basanzwe.

Inkuru ziva mu gisirikare ca Turukiya zivuga ko ico gitero catanguye igihe humvikanye ugwamo gw’amasasu aturutse mu gice ca Siriya, igisirikare ca Turikiya naco kica kirarasa. Turukiya imenyesha ko hashobora kuba hariho umugwi w’aba Kurde uriko urafasha abagwanyi bo mu mugambwe w’aba Kurdistani, usanzwe ugwanya Reta ya Turukiya.

Icuka kibi hagati ya Reta ya Turukiya n’aba Kurde carongererekanye kuva mu kwezi guheze, ah’abagwanyi ba Turukiya n’aba Siriya batanguye gukorera ibitero ku mupaka wa Jarablus, ibitero vyari bigamije gutuza abagwanyi ba Reta ya Kiyisilamu.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika ikaba imaze gusaba akatari gake izo mpande ukw’ari zibiri guhagarika intambara hagati yabo, kugira bashire inguvu ku ntambara yo gutuza Reta ya Kisilamu.

XS
SM
MD
LG