Uko wahagera

Turukiya imenyesha ko hageze ko yinjira mw'Ishirahamwe rya Buraya


Turkey - EU

Turkey - EU

Perezida Recep Tayyip Erdogan wa Turukiya amenyesha ko ikiringo yari yahaye Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ibihugu vya Buraya, kugira iryo shirahamwe ryemerere Turukiya kuba umunywanyi yuzuye w’iryo Shirahamwe, carangiye.

Perezida Erdogan amenyesha ko Ishirahamwe rya Buraya ritegerezwa kureka abafata ingendo bagana ibihugu biri mur’iryo shirahamwe, ryobareka bagafata izo ngendo kuva mur’uku kwezi, batabanje kwerekana impapuro z’ingendo, nkuko biri mu masezerano. Ni kugira kandi bashobore guhagarika abimukira ibihumbi n’ibihumbi basanzwe binjirira mu gihugu c’ubugiriki.

Ikindi Perezida Erdogan yaneguye, n’ingingo y’Inama Nshingamateka ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ingingo itanga uburenganzira bwo kwitwarira Arabiya Sawudite, ku bijanye n’ibitero vy’itariki ya 11 z’ukwezi kw’icenda, ku nyabakwa za World Trade Center ziri mu gisagara ca New York.

Imigenderanire ya Arabiya Sawudite na Turukiya yifashe neza mur’aya mezi, bivuye ko ivyo bihugu bibiri vyumvikanye kugwaniriza hamwe imihari y’iterabwoba. Yamara imigenderanire ya Turukiya n’ibihugu vya Buraya, hamwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika ntiyifashe neza kuva mu kwezi kw’indwi, aho ubutegetsi bwa Erdogan bwagomba butembagazwe.

XS
SM
MD
LG