Uko wahagera

Turukiya: Kwihora Abakoze Ubwicanyi


Perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdowan ararahira akarengwa ko agiye kwihora abaturikije ikibombe cahitanye abantu 28 gikomeretsa abashika 61 kumurwa mukuru Ankara.

Amenyesha ko ico gitero cabaye ejo kuwa gatatu kirengeye ugutahura kw’umuntu kandi avuga ko atagiye kwihora ababikoze gusa ariko ngo n’abo bose binyegeje inyuma yavyo. Perezida Erdowan yaciye asivya urugendo yari kugira mu gihugu ca Azerbaijan.

Minisisiti wa mbere wa Turukiya Ahmet Davutoğlu yaciye ahagarika urugendo yagira ajemwo I Buruseli mu Bubirigi aho yagira aje kuvugana n’abategetsi b’Ubulayi ibijanye n’ikibazo c’impunzi.

Ico gasasu caturikiye mu modokari mugihe imiduga y’igisirikare yariko irarengana kumurwa mukuru Ankara, ku metero ziharurwa amajana hafi y’inyubakwa y’inama nshingamateka n’ibiro bikuru vya gisirikare.

Gushik’ubu ntawuriyitirira ico gitero.

XS
SM
MD
LG