Uko wahagera

Abarwanyi 21 Bishwe Hagati ya Tuniziya na Libiya


Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ca Tuniziya, bwamenyesheje kuri uno wa mbere kw’inteko za reta zishe abarwanyi mirongo ibiri n’umwe bari bateye ibiro vy’igipolisi n’ikibanza ca gisirikare hafi y’urubibe n’igihugu ca Libiya.

Abategetsi bamenyesha kw’abasivile bane n’umusirikare umwe nabo nyene bishwe, mu gutana mu mitwe kwabereye mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igisagara ca Ben Guerdane.

Abategetsi basavye ababa muri ico gisagara kuguma mu mazu yabo igihe ukurasana kwatangura.

Abasirikare bo mu bihugu vyo mu burengero bw’isi bariko bafasha kumenyereza inteko z’igihugu ca Tuniziya, mu gihe hari impungenge zitera ziyongera ku ntagondwa z’abarwanyi muri Libiya, harimwo itangondwa z’abarwabnyi b’umurwi witwa Reta ya Kiyisilamu, bajabuka urubibe bakagira ibitero ku butaka bwa Tuniziya.

Mu ndwi iheze, Ubwongereza bwatangaje ko bugiye kurungika abasirikare bagera kuri mirongo ibiri bajejwe gufasha kwubahiriza umutekano ku rubibe rwa Tuniziya.

XS
SM
MD
LG