Uko wahagera

USA: Minisitiri wa Mbere wa Kanada i Washington


Umushikiranganji wa mbere wa Kanada Justin Trudeau yagiriye urugendo muri Reta zunze ubumwe z’Amerika kur’uyu wa kane. Amaze kubonana na Perezida w'Amerika Barack Obama.

Abo bategetsi bombi baganiye ibijanye n’ingene bokomeza ubucuti n’imigendaranire hagati y’ibihugu vyabo badasize inyuma guhanahana urudandazwa hamwe n’ikibazo c’ihindagurika ry’ibihe.

Naho politike ya Trudeau ifise ibitari bike ihuriyeko n’iya reta ya Obama, ivyo bihugu bibiri ntibibona kumwe ikibazo co kwakira impunzi z’abanya Siriya.

Kuva aho umushingantaheTrudeau atanguriye amabanga yiwe, igihugu ca Kanada caciye gifata politike itandukanye n’iya Amerika mu kwemera kuzokwakira impunzi zishika ibihumbi 25,000 z’Abanyasiriya.

Perezida Obama yaratanze icifuzo co kwakira impunzi zishika ibihumbi cumi z’abanya Siriya ariko ico cipfuzo ciwe nticashigikiwe n’abanyepolitike batavugarumwe nawe muri Amerika

XS
SM
MD
LG