Uko wahagera

Thomas Lubanga Yaciriwe na Sentare Mpuzamakungu Mpanavya y’I La Haye Imyaka Cumi n’Ine y’umunyororo


Thomas Lubanga
Thomas Lubanga

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’I La Haye yasanze Lubanga yagira ivyaha vyo mu ngwano mu kwezi kwa gatatu

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yaciriye umukuru w’umugwi w’abagwanyi mu gihugu ca Congo, Thomas Lubanga, imyaka cumi n’ine mu munyororo, kubera yakoreshesheje abana mu gisirikare.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’I la Haye, yatangaje iyo ngingo, ejo ku musi wa kabiri, mu kuvuga kw’ari umuntu aciye ubbwenge yari kuba yumva ububisha bw’ivyaha yakoze.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’I La Haye yasanze Lubanga yagira ivyaha vyo mu ngwano, mu kwezi kwa gatatu, kubera yinjije yongera akoresha abana mu gisirikare, mu ngwano mu buseruko bwa Republika iharanira Demnokrasi ya Congo, mu mwaka w’2002, no mu mwaka w’2003.

Lubanga n’umuntu wa mbere yegatsweko ivyaha vyo mu ngwano na sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’I la Haye. Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’I La Haye yatangaje kw'izomukuriramwo umwanya amaze apfungiwe muri iyo sentare, kuva mu mwaka w’2006.

XS
SM
MD
LG