Uko wahagera

Abanyatayiwani Bahawe Ubushinwa


Reta ya Tayiwani iragiriza igihugu c’Ubushinwa kuba caranyuruje abanyeTayiwani 8 inyuma yaho abategetsi ba Kenya babirukanye mugihugu bakabarungika mu Bushinwa hako borungitswe muri Tayiwan.

Ikinyamakuru The Nation catangaje ko ku musi wa kabiri abantu 37 harimwo Abanyetayiwani 23 bakuweko na sentare ivyaha vy’ubugizi bwa nabi bagirigwa kuba bagize kumbuga za interineti, baca bahabwa itegeko ry’uko mumisi 21 baba bavuye muri Kenya.

Ubushikiranganji bwa Tayiwani bujejwe imigenderanire n’amahanga buvuga kw’igihugu c’Ubushinwa ca remereye igihugu ca Kenya kugira curize indege abanyatayiwani 8 mundege yari igiye mubushinwa ku musi wa gatanu.

Reta ya Kenya nayo iremeza kw’iyo ngingo yo gukura mugihugu abo bantu 8 yatewe n’uburemere barigirweko na reta y’Ubushinwa.

Umushikiranganji wa Tayiwani ajejwe imigenderanire n’amakungu asaba kw’abo bantu 8 barungikwa iwabo vuba bwango. Akavuga kandi ko ikugwa ryabo mugihugu ca Kenya kwababye ukurenga kumategeko, kimwe n’ inyuruzwa rikomeye rigereranywa n’ukurenga kumategeko shingiro aharanira agateka ka muntu.

XS
SM
MD
LG