Uko wahagera

Igihugu ca Turukiya cahanishije abanyasiriya bagirizwe urupfu rw’umwana muto n’umuryango wiwe basomye nturi mu rugendo bafashe baja mugihugu ca Turkiya, igihano c’imyaka ine mumunyororo n’amezi abiri.

Kuri uno musi wa gatanu, ibinyamakuru vyo muri Turukiya vyatangaje ko uwitwa Muwafaka Alabash and Asem Alfrhad bagiriwe ivyaha bijanye no kwunguruza abantu mu buryo butemewe n’amategeko.

Murizo mpuzi zasomye nturi, yari umwana w’imyaka 3 yitwa Aylan Kurdi, yahavuye aba ikimenyetso c’ikibazo gihambaye c’impuzi gihari muri iki gihe, inyuma yaho isanamu y’umuvyimba w’uyo mwana muto cane utowe ku nkombe y’uruzi mugihugu ca Turukiya, ishizwe ahabona.

Muzindi mpunzi zasomye nturi mur’urwo rugendo ni nyina w’uwo mwana, kumwe na musaza we.

XS
SM
MD
LG