Uko wahagera

Sudani y'Ubumanuko Isaba Amakungu Kutayikurako Amaboko


Icegera ca mbere c’Umukuru w’Igihugu ca Sudani y’Ubumanuko, Taban Deng Gai, asaba amakungu kudakurako amaboko igihugu ciwe mur’iki gihe ibintu bitifashe neza. Ivyo yabishikirije mu nama nkuru ya ONU, kur’uyu wa kane.

Taban yavuze kandi ko intureka zadutse uyu mwaka muri Sudani y’Ubumanuko, zunyuye ibintu. Yongeye amenyesha ko ikirere casongeye isibe bivuye ku mvura y’isegenya yaguye mur’ako karere igatuma haba imyuzurira.

Taban yatangaje ko umutekano uriko uragaruka muri Sudani y’Ubumanuko. Yamara ko hakiri inzitizi kugira avuge ko igihugu kirimwo amahoro n’umutekano.

Kur’uyu wa kane, inama idasanzwe yarakoranye ku cicaro ca ONU kugira yige ku kibazo ca Sudani y’Ubumanuko. Mur’iyo nama, Umunyamabanga mukuru wa ONU, Ban Ki-Moon yatangaje ko Sudani y’Ubumanuko yagwaniye igihe kitari gito ukwikukira kwayo.

Yamara ko n’inyuma y’ukwikura, ibintu bibandanya kwononekara. Ban Ki-Moon yatangaje ko yishikiye muri Sudani y’Ubumanuko mu kwezi kwa kabiri, aho yasanze abantu ibihumbi n’ibihumbi batagira icepfo na ruguru.

Ban Ki-Moon yamenyesheje ko abakozi b’amashirahamwe y’abagiraneza badashobora kurangura igikorwa cabo, impande zirwana zitubahirije intahe y’ukwikukira, kandi ko hakiri ikibazo c’amafaranga y’imfashanyo abura angana n’imiliyoni 700 z’amadolari.

XS
SM
MD
LG