Uko wahagera

Sudani Zombi Zirarebana Ay'Ingwe


Prezida Omar al-Bashir wa Sudani
Prezida Omar al-Bashir wa Sudani

Prezida Omar el-Bashir wa Sudani amenyesha ko atanze ikiringo c’amezi abiri kugira Sudani y’Ubumanuko ibe yirukanye abagwanyi ba Sudani bakorera k'ubutaka bwayo. Ivyo Prezida Bashir yabitangaje mu mpera z’iyi ndwi iheze, inyuma y’aho Amerika itangarije k’umunsi wa kane ko Sudani y’Ubumanuko icumbikiye abagwanyi baturuka muri Sudani.

Prezida Bashir yatangarije mu nama nkuru y’Igihugu, kur’uyu wa gatandatu ko mu gihe bitogenda gutyo, amasezerano ari hagati y’ivyo bihugu bibiri, yateweko igikumu mu mwaka w’2012, yerekeye kudacumbikira abagwanyi babiturukamwo, ataco azoba akimaze.

Umuvugizi wa Reta ya Sudani y’Ubumanuko, Michael Makuei, yatanganje ko ata bagwanyi bari mur’ico gihugu, yongera atuma urutoke Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku birego yatanze, akavuga ko nyabuna Amerika yar'ikwiye kuvuga kubijanye n’abagwanya Sudani y’Ubumanuko bacumbikiwe na Sudani.

Umuvugizi wa Sudani, Ahmed Bilal Osman aramirira kure ivyo birego, akavuga ko ataho bifatiye mu gihe vyoba bigamije kuvuga ko Riek Machar, yahoze ar’Icegera ca mbere c’Umukuru w’Igihugu muri Sudani y’Ubumanuko, yahaciye. Osman akavuga ko ONU yar’ifise uruhara mur’ico gikorwa.

XS
SM
MD
LG