Uko wahagera

ONU Ivuga ko Kolera Yibasiye Umujyi wa Juba


Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ryatangaje ko har’abantu batari bake bikekwe kuba bagwaye kolera, mu gihugu ca Sudani y’Ubumanuko. Ishami rya ONU, ryitaho abana, UNICEF, rivuga ko ibitaro bikuru vyo mu gisagara ca Juba, bimaze kwakira abagwayi bashika 69. Mu gihugu cose nahohavugwa abashika 141 bafise Kolera, batandatu bakaba bamaze gucikana.

UNICEF iriko irakorana n’Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu mu bijanye n’imiti, n’uguhimiriza abanyagihugu. Uwateye amakenga cane akaba umugwayi yaje ava mw’ikambi rifashwa n’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ririmwo abantu bashika ku bihumbi bine.

Intambara yadutse mu ndwi iheze yatumye abantu bashika ku 15.000 bahunga izabo. Abo biyongeye ku 28.000 bari basanzwe barahunze kuva mu ntambara yatanguye mu mwaka w’2013. Mu mwaka w’2014, abashika kw’167 barahitanywe na Kolera. Umwaka uheze 47 nibo bishwe n’’iyo ndwara.

XS
SM
MD
LG