Uko wahagera

Somaliya:Al-Shabab Yahitanye Abasirikare Barenga 70 ba AMISOM


Al Shabab (Foto File)
Al Shabab (Foto File)

Abarwanyi b’umurwi, al-Shabab bishe inteko z’umuryango w’ubumwe ba Afrika, zirenga mirongo irindwi, bongera barafata ikambi ya gisirikare mu bumanuko bw Somaliya uno musi ku wa gatanu.

Ivyabona bavuga kw’abagize ico gitero basetse n’imodoka yuzuye amabombe urwinjiriro rw’ikambi ya gisirikare mu gisagara ca Leego mu bucagucagu, hanyuma batangura kurasa abasirikare b’Abarundi bari barariye iyo kambi.

Umuvugizi w’umurwi al-Shabab yatangaje kw’abasirikare barenga mirongo itanu bishwe. Abategetsi ba Somaliya babwiye Ijwi rya Amerika, service y’igi Somali kw’igitigiri c’abapfuye kirenga mirongo irindwi.

Abandi basirikare b’Abarundi mirongo ibiri n’abasivile b’abanyasomalia mirongo ine irengero ryabo ntirizwi, hakaba hari ubwoba ko banyurujwe.

Al Shabab (File Photo)
Al Shabab (File Photo)

Ikambi ya gisirikare y’inteko z’umuryango w’ubumwe bwa Afrika n’igisagara ca Leego bivurwako biri mu minwe y’umurwi al-Shabab.

Bulamatari w’wintara ya Lower Shabelle, Abdikadir Mohamed Nur Siidi, amenyesha kw’abarwanyi b’umurwi al-Shabab batari bake bishwe. Avuga kw’abagize igitero harimwo abihevyi cumi na batanu bari bafise amabombe biturikije.

Iki ni kimwe mu bitero bitari bitari bike, umurwi al-Shabab uvurwa ko wagize kuva igihe gihezagiye c’iramazani gitanguye mu ndwi iheze.

Inteko z’Uburundi na Uganda nizo zigize igice kinini c’inteko z’umuryango w’ubumwe ba Afrika zirwanya umurwi al-Shabab muri Somaliya kuva mu mwaka w’2007.

XS
SM
MD
LG