Uko wahagera

Somaliya: Abantu 20 Barahitanwe n'Ibitero vy'Iterabwoba


Muri Somaliya, abantu bashika kuri 20 bapfuye bahitanywe n’imiduga yar’itezwemwo ibibombe, aho iyo miduga yagiye guseka inyubakwa ya Reta hamwe n’isoko riri mu gisagara ca Galkayo, kiri hagati ya Somaliya.

Umwe mubar’aho atashimye kwivuga izina, yabwiye Ijwi ry'Amerika ko imodoka ya kabiri yar’itezwemwo ikibombe yar’itwawe n’umugore. Mubaguye mur’ico gitero, harimwo abanyeshure n'abadandaji, abenshi bakaba bar’abasanzwe bacungereye iyo nyubakwa ya Reta.

Hassan Mohamed Khalif, guverineri w’akarere ka Puntland, yavuze ko igisagara ca Galkayo, gisanzwe kiri ku birometero 700 uvuye ku mugwa mukuru wa Somaliya, I Mogadiscio, catewe n’abiyahuzi.

Umuhari w’iterabwoba wa Al-Shabab, usanzwe ukorera mu gihugu ca Somaliya, ukaba wemanze ico gitero.

Ku w’Imana kandi har’abantu bane bakomerekejwe n’ibisasu vyaguye ku nyubakwa ya Reta, I Mogadiscio, ku mugwa mukuru wa Somaliya, imodoka zibiri zirasha, ntawahasize ubuzima, akaba kandi ata muhari uriyitirira ico gitero.

XS
SM
MD
LG