Uko wahagera

Amerika n'Uburusiya ku Guhagarika Intambara muri Siriya


Leta zunze Ubumwe z'Amerika, hamwe n’Uburusiya bimenyesha ko biriko birakora uburyo bwose kugira bishike ku masezerano yo guhagarika intambara mu gihugu ca Siriya.

Perezida Barack Obama, wa Leta zunze ubumwe z'Amerika, ah'ari mu nama y’abategetsi bahurikiye mu mugwi G20, mu gihugu c’Ubushinwa yabwiye abamenyeshamakuru, kur’uyu w’Imana ko hakiri inzitizi zikomeye ku bijanye n’imirwi bamwe bose bashigikiye.

Perezida Vladimir Poutine w’Uburusiya avuga ko inyishu y’ibibazo biri muri Siriya idashobora guca mu buryo bwa politike.

Tubibutse ko Uburusiya bushigikiye Perezida Bashar al-Assad wa Siriya, mu gihe Amerika yamye ikorana n’abatavuga rumwe na Reta ya Perezida Assad.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu w'Amerika, John Kerry, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, yavuze ko mu nama yagiranye na mugenzi we w’Uburusiya, bavuganye ku bibazo bitatu nkoramutima. Ariko nta vyinshi yavuze ku bijanye n’ivyo bibazo.

Abo bategetsi babiri bategekanya kubandanya inama yabo kur’uyu wa mbere. Mwomenya ko intambara muri Siriya imaze imyaka itanu, yahitanye abantu bashika ku 250.000, abandi bashika ku miliyoni 11 barahunga.

XS
SM
MD
LG