Uko wahagera

Sahwanya Frodebu na Frodebu Nyakuri Yoba Igiye Kwiyunga?


Pierre Claver Nahimana arongoye sahwanya Fodebu n'umushingamateka Norbert Ndihokubwayo ari mu bagarutse muri Sahwanya Frodebu
Pierre Claver Nahimana arongoye sahwanya Fodebu n'umushingamateka Norbert Ndihokubwayo ari mu bagarutse muri Sahwanya Frodebu

Umugambwe Sahwanya Frodebu kuri uyu wa gatandatu wakiriye umurwi w’abanywanyi b’umugambwe Sahwanya Frodebu Nyakuri bisabiye gusubira muri uyo mugambwe bahozemwo kera.

Umukuru wa Sahwanya Frodebu Pierre Claver Nahimana yabwiye Ijwi ry'Amerika ko ari intango y’umugambi wo gusubiza hamwe n’abahoze muri uyo mugambwe bashaka gusubira kwisunga iragi rya perezida Ndadaye Melchior, icungu ya demokarasi y’Uburundi.

Pierre Claver Nahimana yatanguje umugambi wo kwiyunga ku bahoze mu mugambwa sahwanya Frodebu mu kwakira umurwi w’abanywanyi b’umugambwe Sahwanya Frodebu Nyakuri baserukiwe n’umushingamateka Norbert Ndihokubwayo yahora arongoye sahwanya Frodebu Nyakuri mu ntara ya Gitega.

Umushingamateka Ndihokubwayo yemeje ko basubiye mu mugambwe bahozemwo kubera hari abanyagihugu babisavye kugira umugambwe usubire kugira inguvu. Uyo yaserukiye umurwi w’abasubiye muri Sahwanya Frodebu anegura ivyo gucagagura imigambwe.

Umugambwe Sahwanya Frodebu wemeza ko uriko ugerageza kuvugana na bamwe mu nararibonye z’uyo mugambwe za wuvuyemwo kugira bawugarukemwo mu ntumbero yo gushira hamwe inguvu mu kwitegurira amatora yo mu 2020.

Izo nararibonye zirimwo Leonard Nyangoma arongoye umugambwe CNDD, uwahoze ari prezida w’Uburundi Domitien Ndayizeye, Jean de Dieu Mutabazi arongoye RADEBU n’abandi bagiye muri CNDD FDD.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG