Uko wahagera

Jacques Rogge Wayoboye CIO i Mahama


Jacques Rogge yahoze ayoboye ishirahamwe mpuzamakungu ry’inkino za olimpike yagize urugendo mu nkambi ya Mahama

Jacques Rogge yahoze ayoboye ishirahamwe mpuzamakungu ry’inkino za olimpike yagize urugendo mu nkambi ya Mahama

Ibikoresho vy ' inkino, ibibuga n'ibindi vya nkenerwa mu nkino bigiye guhabwa impuzi ziri mu Rwanda kugira nazo zikine kuko n'uburenganzira bwazo.

Ivyo vyavugiwe mu rugendo Jacques Rogge yahoze ayoboye ishirahamwe mpuzamakungu ry’inkino za olimpike CIO yagize mu nkambi ya Mahama irimwo Abarundi barenga 50,000.

Rogge yamenyesheje kw' inkino zizohabwa amafaranga menshi kugira zitere imbere.

Infashanyo y'amadolari $392,000 ya Amerika niko gakemanyi Rogge yagemuriye impunzi ziri mu Rwanda kugira zishobore kuronka ibikoresho vyo gukina.

Uyo mugabo yamuka mu gihugu c’ Ububirigi akaba yamenyesheje kw'ashimishwa no kubona ukuntu abana bitanga mu nkino mw’ ikambi ya Mahama.

Umwe mu bahagarariye impunzi mu rukino rw’ amaboko basketball, amenyesha kw' iyo nfashanyo izobafasha gutera imbere.

Seraphine Mukantabana, umushikiranganji ajejwe impunzi mu Rwanda amenyesha ko gukina ari ngombwa no ku mpunzi, arico gituma iyo nfashanyo izotuma abana bidagadura.

Uwuronogoye HCR mu Rwanda, Azam Saber nawe nyene yashimye iyo nfashanyo, akaba yamenyesheje ko bagiye gushira inguvu nyishi mu nkino ku buryo mu mwaka 2020, mu nkino mpuzamakungu (jeux Olympiques) zizobera I Tokyo hazoba harimwo n'imiburiburi impunzi ennye mu ziri mu Rwanda zizirukira kw’ ibendera ry’ iryishirahamwe mpuzamakungu ry’ inkino.

XS
SM
MD
LG