Uko wahagera

Gusaba Kworohereza Abanyamitahe mu Burundi


Umupfasoni Pamela Slutz, aserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu Burundi yateye akamo reta y’Uburundi, ayisaba kworohereza abanyamahanga bazana imitahe yabo mu Burundi

Uwuserukira Reta Nzunze Ubumwe za Amerika mu Burundi arasaba abategetsi ngo borohereze abazana imitahe yabo mu gihugu. Umupfasoni Pamela Slutz, aserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu Burundi yateye akamo reta yu Burundi, ayisaba kworohereza abanyamahanga bazana imitahe yabo mu Burundi. Kuri mikoro ya radiyo yigenga, RSF Bonesha Fm, uwo munyamerikakazi yatangaje kur'uwu wa kane ko imfashanyo zonyene zitangwa n'abashigikira ubutunzi bw'igihugu ku bice birenga mirongo tanu, zonyene zidashobora gutuma ubutunzi bw'igihugu bwisununura.

Nk'uko Pamela Slutz bivugwa, abarundi ngo babandanya kwiyongera, ubukene nabwonyene bukabandanya buba bwinshi. Inyishu ngo n'uko abarongoye igihugu bohagurukira kugwanya ibiturire no gushinga amategeko yorohereza ubudandaji na cane cane ku banyamahanga bipfuza gukorera mu Burundi. Uwuserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu Burundi arashima ko mu majambo abategetsi bamaze gushikiriza ko bariko barakora ico gikorwa, ariko inzitizi ngo ziracari nyinshi. Akarorero n'uko umwanya wo kurondera impapuro uba muremure, amafaranga asabwa akaba menshi, abajejwe gutanga izo mpapuro benshi bakarangwa no kurya ibiturire.

Ivyo Pamela Slutz yabitangaje igihe ishirahamwe ry'Abanyamerika AAE System ryari ryagiraniye amasezerano ajanye no gucukura ubutare bwa Nickel na reta y'Uburundi, ryatangaza ko rikuye akarenge mur'ayo masezerano, kubera ko ngo yaranzwe n'amahinyu menshi ajanye n'abaserukiye reta y’Uburundi batabifitiye ububasha. Muri raporo yo mu mwaka uheze, ishirahamwe “Doing Business” rikurikirana ivyerekeye ubudandaji kw'isi, ryashize Uburundi mu kibanza ca kane uva inyuma.

XS
SM
MD
LG