Uko wahagera

Reta zunze ubumwe zaraye zirashe Missile ku gihugu ca Libya.


Barack Obama yari mu rugendo mu gihugu cya Bresil, yavuze kw’umushingantahe Gadhafi, ata karyo yahaye ibihugu vyo mu burengero, atar’ugukoresha inguvu za gisirikare
Barack Obama yari mu rugendo mu gihugu cya Bresil, yavuze kw’umushingantahe Gadhafi, ata karyo yahaye ibihugu vyo mu burengero, atar’ugukoresha inguvu za gisirikare

Izo missile za reta zunze ubumwe za amerika, zarasiwe ku bwato bw’ingwano bwa reta zunze ubumwe za amerika hamwe n’ubwato bw’igihugu c’Ubwongereza hamwe n’ubwato bugendera musi y’amazi, buri mu ruzi Mediteranee; Ivyo bibombe vya missile vyose vyarashwe ku bibanza biri mu gihugu ca Libya ejo ku musi wa mungu

Reta zunze ubumwe za amerika zararashe missile ku bigwanisho vy’igihugu ca Libya birasa indege; Izo missile za reta zunze ubumwe za amerika, zarasiwe ku bwato bw’ingwano bwa reta zunze ubumwe za amerika hamwe n’ubwato bw’igihugu c’Ubwongereza hamwe n’ubwato bugendera musi y’amazi, buri mu ruzi Mediteranee; Ivyo bibombe vya missile vyose vyarashwe ku bibanza biri mu gihugu ca Libya ejo ku musi wa gatandatu.

Ibibanza bishika 20 birimwo ivyo bigwanisho birasa indege kandi bishobora kugeramira abasirikare bagize urunani hamwe n’abasivile bo muri Libya, vyarasambuwe mur’ivyo bitero.

IIbikoho bisara indege vyarumvikanye ejo mw’ijoro hagati.

Mur’iki gihe kandi, abanyaLibya ibihumbi n’ibihumbi, barakoraniye imbere y’amazu yubatswe rutamenwa mu gisagara ca Tripoli, aho umushingantahe Gadhafi aba, kugira ngo bamubere inkizo, mu gihe hoba ibitero vy’indege kur’izo nyubakwa.

Umukuru wa Libya Moammar Gadhafi, yaratangaje kw’azokingira igihugu, ibitero yavuze kw’arasomborotse katumvikana. Yaratangaje kw’azokwugurura ibibanza bibitswemwo ibigwanisho, kugira ngo abihe abanyagihugu. Umushingantahe Gadhafi yaratangaje kandi kw’azokwihora ku basirikare hamwe no ku basivile, akaba yavuze kw’ibitero vy’ibihugu vyo mu burengero, vyuguruye ingwano ku ruzi Mediiteranee.

Yamara mu gihugu ca Brezil, president wa reta zunze ubumwe za amerika, Barack Obama yari mu rugendo mur’ico gihugu, yavuze kw’umushingantahe Gadhafi, ata karyo yahaye ibihugu vyo mu burengero, atar’ugukoresha inguvu za gisirikare. Umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubwongereza David Cameron, yavuze kw’ingingo yo gutera igihugu ca Libya, yari ikenewe kandi ijanye n’amategeko.

Ejo ku musi wa gatandatu mu gidondo, indege z’ingwano z’igihugu c’Ubufaransa, zararashe ibibanza vyo mu gihugu ca Libya: Ivyo nivyo bitero vya mbere vyo gushira mu ngiro ingingo z’ishirahamwe mpuzamakungu zibuza indege za Libya kuguruka, vyari bikozwe.

Ingingo y’ivyo bitero vya gisirikare, yafashwe, igihe c’inama mpuzamakungu yihutirwa, yabereye I Paris mu gihugu c’Ubufaransa, ku musi wa gatanu.

Umuvugizi w’igisirikare c’igihugu c’Ubufaransa, yavuze kw’abasirikare b’igihugu c’Ubufaransa, barashe imodoka yar’igeramiye abasivile bo mu gihugu ca Libya. Yamara amakuru ariko aratangazwa avuga kw’indege z’ingwano z’igihugu c’Ubufaransa, zarashe ibimodoka vya blinde vy’igihugu ca Libya, hafi y’igisagara co mu buseruko Benghazi, gisanzwe ar’icicaro c’abagwanya ubutegetsi.

Umushingantahe Gadhafi yari yarungikiye ubutumwa bwihutirwa abategesi bo kw’isi ejo ku musi wa gatandatu, barimwo umushingantahe Obama hamwe n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu Ban-Ki-moon.

Mw’ikete umuvugizi wa reta ya Libya yasomeye abamenyeshamakuru mu gisagara ca Tripoli, umushingantahe Gadhafi, yavuze kw’abarwanya ubutegetsi bafashe igisagara ca Benghazi, yongera arabaza ikibazo kitagira inyishu, kibaza ukuntu umushingantahe Obama yovyifatamwo, mu gihe ibintu biriko biraba mu gihugu ca Libya, vyoba muri reta zunze ubumwe za amerika.

Igihe yariko arabwira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu, umushingantahe Gadhafi yavuze kw’icemezo cafashwe n’ishirahamwe mpuzamakungu, ar’icemezo kitemewe. Yavuze kw’ibitero vy’ibihugu vyo mu burengero, aragasomborotso.

Igihugu c’Uburusiya, ejo ku musi wa gatandatu cavuze ko kibabajwe n’ibitero vy’amakungu ku gihugu ca Libya. Itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bw’igihugu c’Uburusiya bujejwe imigenderanire, rivuga kw’ico cemezo cafashwe gihutihuti.

XS
SM
MD
LG