Uko wahagera

Reta Zunz’ Ubumwe Za Amerika / Sudani


Reta Zunz’ Ubumwe Za Amerika / Sudani
Reta Zunz’ Ubumwe Za Amerika / Sudani

Presida wa Amerika Barack Obama yasavye reta ya Sudani guhagarika kury’ umutima abanyagihugu bo muri Sudani y’ epfo, ahandi ho ngo iyo reta izokumigwa n’ amakungu.

Mw’ ijambo yashikirije ejo kuwa kabiri, presida Obama yavuze ko reta ya Sudani itegerezwa buno nyene guhagarika ibitero vya gisirikare ikora muri Sudani y’ epfo, harimwo ibitero vy’ indege no gukura abantu mu zabo ku gahato.

Presida Obama yavuze ko abategetsi ba Sudani ya ruguru n’ aba Sudani y’ epfo bose bategerezwa gukora ivyo biyemeje, bakemera guhagarika imishamirane.

Presida Obama yavuze ko abategetsi ba Sudani nibakora ivyo bategerezwa gukora, hanyuma bakemera ko mu gihugu haba amahoro, reta zunz’ ubumwe za Amerika zizofata ingingo zemeye zo gusubira kugira imigenderanire na Sudani.

Presida wa Amerika yavuze ko reta zunz’ ubumwe za Amerika zitew’ amakenga cane n’ ukuntu ibintu bitera biba nabi muri Sudani y’ epfo, ingwano iri mu bumanuko bw’ intara ya Kordofan n’ ibitero bikogwa ku bantu b’ abasivire ataco bahogwa.

XS
SM
MD
LG