Uko wahagera

Reta ya Uganda Ntishigikiye Integuro y’Itegeko Rigwanya Abakundana n’Abo Basangiye Igitsina.

  • VOA

Itangazo rya Reta ryasohotse mw’ijoro ryo ku musi wa gatatu ryatangaje ko haba umushikiranganji wa mbere canke Reta ata numwe ashigikiye integuro y’iryo tegeko

Reta y’igihugu ca Uganda yatangaje kw’idashigikiye integuro y’itegeko ridahuriweko na bose, rigwanya abakundana n’abo badasangiye igitsina, ryasubiye gushikirizwa mu nama nshingamateka, muri iyi ndwi.

Itangazo rya Reta ryasohotse mw’ijoro ryo ku musi wa gatatu ryatangaje ko haba umushikiranganji wa mbere canke Reta ata numwe ashigikiye integuro y’iryo tegeko kandi ko ivyo bitari mu migambi yerekeye amategeko ya Reta. Yamara iryo tangazo rya Reta ryamenyesheje kw’abashingamateka bafise uburenganzira bahabwa n’ibwirizwa nshingiro bw’ukuharira kuri iryo tegeko.

Itegeko ry’imbere yaho ryari gushiraho igihano c’ugupfa ku bintu bimwe bimwe bikorwa n’abakundana n’abo basangiye igitsina, hamwe n’ugupfungwa ubuzima bwose ku bandi.

Integuro y’itegeko rigwanya abakundana n’abo basangiye igitsina, raysubiye gushikirizwa mu nama nshingamate ku musi wa kabiri.

Umuhingamateka ari inyuma y’iryo tegeko, David Bahati, yatangaje ko yasubiye kuryandika kugira akuremwo igihano c’ugupfa.

Iryo tegeko ryariyamirijwe n’abategetsi b’ibihugu vy’I Bulaya no muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, harimwo prezida Barack Obama yavuze ko rigayitse cane.

XS
SM
MD
LG