Uko wahagera

Sudani: Ibitero ku banyagihugu ba Jebel Marra


Abanyagihugu bo mu karere ka Jebel Marra
Abanyagihugu bo mu karere ka Jebel Marra

Ubushikiranganji bw’Ubutungane mu gihugu ca Sudani buramirira kure ibirego bivuga ko Reta ya Sudani yakoresheje ibigwanisho vy’ubumara ku banyagihugu bo mu karere ka Jebel Marra, mu ntara ya Darfour.

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Amnesty International ryatangaje kur’uyu wa kane ko abanyagihugu bo mur’ako karere bagaragarako indwara zo ku mubiri. Amnesty International imenyesha kandi ko abanyagihugu bashika ku 250, abenshi bagizwe n’abana bahitanywe n’ivyo bitero vy’ubumara.

Hassan Awad Elnour, Umushikiranganji wa Sudani ajejwe Ubutungane yasohoye ugwandiko kur’uyu wa kane ruvuga ko abaserukira Reta batangajwe cane n’ivyo birego. Elnour avuga kw’ari ubwa mbere bumvise ibirego nk’ivyo, kubwiwe bifatwa nk’icaha gikomeye c’agateka ka zina muntu.

Amnesty International isaba Ishirahamwe ONU, n’amakungu gukora amatohoza. Ikongera igasaba Reta ya Sudani guhagarika ivyo bitero, no kureka amashirahamwe y’abagiraneza agashikira abanyagihugu bo mu karere ka Jebel Marra.

XS
SM
MD
LG