Uko wahagera

Reta ya Kisilamu iremeza urupfu rw'umwe mu barongozi bayo


Reta ya Kisilamu yasohoye itangazo kur’uyu wa mbere, aho yemeza urupfu rw’umwe mu barongozi bayo bakomeye, Wa’il Adil Hasan Salman al-Fayad yahitanywe n’igitero c’indege cabaye mu kwezi guheze, nkuko vyari vyatangajwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Iryo tangazo ntirisigura umunsi n’ikibanza uwo mugabo yapfiriyemwo.

Abategetsi ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika bavuga ko Fayad y’ar’umunywanyi akomeye w’inama nkuru ya Reta ya Kisiramu, yatanga amategeko kandi akanacungera ko yakurikijwe.

Amerika ivuga kandi ko Fayad yakorana n’uwitwa Abu Muhammad al-Adnani, umutegetsi wa Reta ya Kisilamu yarajejwe gutunganya ibitero vy’uwo muhari, nawe nyene yaguye mu gitero cabereye mu buraruko bwa Siriya, mu mpera z’ukwa munani.

Abavyihweza bavuga ko Reta ya Kisilamu yatakaje igice kitari gito c’uterere igwaniramwo mu bihugu vya Iraki na Siriya, bivuye ku bitero igisirikare ca Iraki cakoze kur’uwo muhari, hamwe n’ibitero vy’indege za Amerika bifatikanije n’abagwanyi ba Siriya hamwe n’aba Kurde ku bagwanyi ba Reta ya Kisilamu, bari mu buraruko bwa Siriya.

XS
SM
MD
LG