Uko wahagera

Kinshasa: Reta Yirukanye Umushakashatsi Ida Sawyer


Ida Sawyer, akorera Human Rights Watch

Ida Sawyer, akorera Human Rights Watch

Reta ya Republika iharanira Demokrasi ya Kongo, yahagaritse uburenganzira bwa Ida Sawyer, bwo gusubira gukorera k’ubutaka bwayo. Madamu Sawyer asanzwe akorera muri ico gihugu kuva mu mwaka w’2008, nk’umushakashatsi mu bijanye n’agateka ka zina muntu.

Ishirahamwe ryo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch, ryatangaje ko ibiro bijejwe uruja n’uruza gw’abantu ku mupaka, vyahagaritse giturumbuka, kw’itariki zitatu z’ukwezi kw’indwi, impapuro zemerera Sawyer kubandanya akorera ku butaka bwa Kongo. Sawyer akaba inyuma y’aho ageragereje gusaba izindi mpapuro, yaciye ahabwa ikiringo c’amasaha 48, yo kuba yavuye k’ubutaka bwa Kongo, ata yindi nsiguro ahawe.

Human Rights Watch rivuga kandi ko kuva mu kwezi kwa mbere kw’umwaka uheze w’2015, Reta ya Kongo yahohoteye abo bose biboneka ko badashigikiye iciyumviro c’uko Perezida Joseph Kabila yorenza ibiringo bibiri yemerwa n’Ibwirizwa Nshingiro.

Abategetsi bakuru muri Kongo bavuga ko ayo matora ategekanijwe kuba mu mpera z’uyu mwaka w'2016, ashobora kutaba, biturutse ku ngorane z’ibikoresho, n’amafaranga.

XS
SM
MD
LG