Uko wahagera

Abitwaje Ibigwanisho n’Ikibazo c'Umutekano mu Burundi


Inama iherutse gukoranya abarongoye amakomine y’igisagara ca Bujumbura, ngo yari iyo gushinga ingingo zo gutuza imigwi abo abajejwe intwaro bita abasuma

Igitero c'abantu bitwaje ibigwanisho mu bumakuko bw'igisagara ca Bujumbura, catumye umukuru w'igisagara ca Bujumbura asaba guhagurukira ikibazo c'umutekano. Euvrard Giswasw, umukuru w'igisagara ca Bujumbura ejo haheze ku musi wa mbere yarakoranije abarongoye amakomine yo mu gisagara ca Bujumbura, mu nama y'umutekano. Intumbero y’iyo nama ngo n’ugushinga ingingo zo gutuza imigwi y'abo abajejwe intwaro bita abasuma. Inyuma y'iyo nama Euvrard Giswaswa yabwiye abamenyeshamakuru ko abajejwe umutekano ku mabarabara no mu makaritiye bagiye kwongerezwa. Umukuru w'igisagara ca Bujumbura ntatomora neza ibigiye gukorwa, ariko avuga ko abanyagihugu, abajejwe intwaro, n'abajejwe umutekano basabwe gukorerahamwe mu gukomeza umutekano.

Iyo nama yatunganijwe mu gihe mw'ijoro ryo ku musi w'Imana rishira ku musi wa mbere umugwi w'abantu bitwaje ibigwanisho bateye ikirindiro c'abaporisi, ahitwa mu Ruziba, muri komine Kanyosha mu bumanuko bw'igisagara ca Bujumbura. Abajejwe intwaro bavuga ko mur'ico gitero, umwe mu bateye, abo bita abasuma yishwe, inkoho yiwe igafatwa. Inka zitatu zarishwe, zine zirakomereka, umwe mu bungere baraba izo nka zari hafi y'ikirindiro c'abaporisi catewe, nawe nyene arakomereka. Abanyagihu begereye ico kirindiro badashima kuvugwa amazina babwiye Ijwi rya Amerika ko abaporisi batatu baguye mur'ico gitero, babiri bagakomereka.

Ku kibazo c'abagize ico gitero, musitanteri wa komine Kanyosha avuga ko ari abasuma. Abraham Abdou Bampoye, umwe mu banyagihugu aba ku metero zidashika mirongo ibiri uvuye ku kirindiro catewe ati ntabwo bari abasuma, bari abagwanyi bakomeye, bafise ibigwanisho bikwiye n’imyambaro ya gisirikare.

XS
SM
MD
LG