Uko wahagera

RDC: Umunyapolitiki Martin Fayulu Yatsinzwe Azokwitura Sentare


Umunyapolitiki Martin Fayulu yihanagura mu maso mbere yo kuvugana n'itangazamakuru ejo kuwa kane tariki ya 10 y'ukwa mbere 2019.
Umunyapolitiki Martin Fayulu yihanagura mu maso mbere yo kuvugana n'itangazamakuru ejo kuwa kane tariki ya 10 y'ukwa mbere 2019.

Muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo, umuunyapolitiki Martin Fayulu azokwitwarira sentaree y'ibwirizwa shingiro ejo ku musi wa gatandatu.

Mu kiganiro yahaye Ijwi ry'Amerika, Fayulu yatangaje ko nta mwizero afise ko iyo sentare izohindura ingingo yafashwe n'akanama gashinzwe amatora ejo kuwa kane ko Felix Tshisekedi ari we yatsinze ayo matora, kandi ko ari we agiye gusubirira Prezida Joseph Kabila, yari amaze imyaka 18 ku butegetsi.

Ishirahamwe ry’abakatolika, uyu musi kuwa gatanu, ryiyamirije ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu. Ibiharuro vy’ayo matora vyari vyatohojwe vyerekana ko uwundi munyapolitike atavuga rumwe na reta Martin Fayulu, ari we yayatsinze. Abanyagihugu bashigikiye Fayulu bavuga ko abategetsi bibiye amatora Tshisekedi kugira ngo ubutegegsi bugume mu minwe y’abazokingira reta ihavuye.

Abantu bashika bane barishwe mu myiyerekano yabereye mu buseruko bw’igihugu ca Kongo, naho muri rusangi mu gihugu cose haranzwe n’umutekano. Abanyekongo barafise ubwoba ko mu gihe ivyavuye mu matora vyokwiyamirizwa, igihugu cosubira mu ruhagarara.

Ishirahamwe ry’abakatolika rirubashwe mu gihugu cose, aho rifise abakristu bashika imiliyoni 80. Vyongeye, Ekleziya katolika irafise ibiharuro vyavuye mu matora vyizigiwe kuko yari yarungitse indorerezi ibihumbi 40 mu bibanza bitandukanye, zashoboye gutorokanya ivyavuye mu matora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG