Uko wahagera

Imyiyerekano mu Misiri, Peresida Mubarak Yanse Gutanga Imihoho


Mw’ijambo Peresida Mubarak yaraye ashikirije abanya Misiri, bari biteze ko akinjura, ariko nta jamo ryo gushikiriza ubutegetsi yigeze acisha mu kanwa

Abanya Misiri barabandanya imyiyerekano basaba ko Peresida Mubarak ava ku butegesi. Mw’ijabo Peresida Mubarak yaraye ashikirije abanya Misiri, bari biteze ko akinjura, ariko nta jamo ryo gushikiriza ubutegetsi yigeze acisha mu kanwa.

Ariko ababikurikirana, bavuga ko nibura Perezida Mubarak yaremeye gushikiriza ububasha bumwe bumwe. Ingorane ngo n’uko Omar Sleiman, icera ca Perezida Mubarak, yashikirijwe amwe muri ayo mabanga, avuga ko abanya Misiri bataragera aho boronka intwaro ya damokarasi.

Mugenzi wacu Fidele Niyongabo yaraganiriye na Athanase Gahungu yigisha kw’ishure kaminuza Chicago University, amubwira ico yiyumvira kuri iyo myiyerekano, no kw’ijambo rya Perezida Mubarak.

XS
SM
MD
LG