Uko wahagera

Iyubakwa ry’Urugomero Rusumo Falls


Abitavye inama barashimye umugambi “Rusumo Falls”, ariko bakabona ko igikorwa co kwimura abo bantu kitariko kiratunganywa neza

Amashirahamwe yo mu Burundi akurikirana ibijanye n’uruzi Nil n’amazi yarwo muri rusangi, afise amakenga ku ngaruka zishobora guturuka kw’iyubakwa ry’urugomero Rusumo Falls, ku ruzi Kagera, rusangiwe n’ibihugu bitatu: Uburundi, Urwanda na Tanzania.

Ivyigwa vyerekeye iyubakwa ry’urugomero Rusumo Falls ruzoba rusangiwe n’Uburundi, Urwanda na Tanzania, biramaze gutera imbere, kandi vyerekana ko ku ruhande rw’Uburundi, imiryango irenga amajana indwi izotegerezwa kwimugwa, kugira ngo ihe ikibanza amazi y’ugwo rugomero. Amashirahamwe yakoraniye i Bujumbura, harimwo n’urunani rw’amashirahamwe yiyemeje gukingira uruzi Nil, FCBN, mu mpfunyapfunyo, yaraye atangaje amakenga afise ku bijanye na kazoza k’iyo miryango. Abitavye iyo nama barashimye uwo mugambi, ariko bakabona ko kwimura abo bantu bitariko birategurwa neza.

Emmanuel Nshimirimana, umukuru w’urunani FCBN rwateguye iyo nama, avuga ko abanyagihugu bategerezwa kumenya ko igihugu kidashobora gutera imbere kidafise umuyagankuba. Nduwimana Laurent, musitanteri wa komine Giteranyi mu buraruko bw’Uburundi, ahari imiryango myinshi izobangamirwa n’umugambi, Rusumo Falls, avuga ko adateye kubiri n’uwo mugambi ariko ko ata nsiguro zikwiye zihabwa abanyagihugu ivyo bigashobora gukwega ingorane.

Ibikorwa vyitabwe kandi n’abahinga bariko bategura umugambi wo kwubaka urugomero, Rusumo Falls, hamwe n’abakurikirana ivyerekeye uruzi Nil mu Rwanda. Umukenyezi w’umunyarwandakazi twaganiriye avuga ko mu Rwanda hatanzwe insiguro zikwiye, ku bijanye n’uwo mugambi.

Iyubakwa ry’urugomero Rusumo Falls ritegekanya gutangura neza na neza mu mwaka w’i 2013. Umuyagankuba w’urwo rugomero uharurwa mu ma megawate 90, ukazosangirwa, ata n’umwe asumbije uwundi, n’Uburundi, Urwanda na Tanzania. Ubukene bw’umuyagankuba burabangamiye Uburundi, ngo hagere muci ho bikunyuka.

XS
SM
MD
LG