Uko wahagera

Prezida wa Uganda Yoweri Museveni ari mu Burundi


Perezida wa Uganda, Yoweri Museveni
Perezida wa Uganda, Yoweri Museveni

Prezida wa Uganda, Yoweri Museveni, yashitse mu Burundi ku wa kabiri mu mwizero w’ugufasha gutorera inyishu ibibazo vya politike biri mu Burundi.

Umuryango w’ibihugu vyo mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko wagenye prezida Museveni gufasha, mu biganiro vy’abanyapolitike mu Burundi, aho abatabuva rumwe na Reta bagize imyiyerekano y’ukwiyamiriza imigambi ya prezida, Petero Nkurunziza, y’ukwitoza mu kindi kiringo, yamaze indwi zitari nke.

Mu gihe hazsgaye indwi imwe gusa, imbere y’amatora ategekanijwe y’umukuru w’igihugu, ivy’ukugene urugendo rwa prezida Museveni ruzogira akamaro ntibitomoye. Ivyo bitangazwa na Thierry Vircoulon, umuyobozi w’ibibazo vyerekeye akarere ka Afrika yo hagati, mw’ishirahamwe, International Crisis Group. Avugako umuntu aretse ko ikibazo gikomeye cerekeye ikiringo ca gatatu ca prezida Petero Nkurunziza, kitari mu bibazo biganirwa, hari ukutumvikana kugaragara mu karere.

Thierry Vircoulon, avuga ko kuba prezida w’Urwanda Paul Kagame atitavye inama z’umuryango w’akarere ka Afrika yo mu buseruko, ku Burundi, ari ikimenyetso kw’ako karere katabona ibintu kumwe ku vyokorwa.

Muri ico gihe hari impungenge kw’abatavuga rumwe na Reta y’Uburundi, bihojeje amatora yimirije, bashobora gukoresha inguvu.

Umwe mu bahoze ari abategetsi bakomeye b’igisirikare c’Uburundi, yashigikiye coup d’etat yageragejwe mu kwezi kwa gatanu, yaragabishije gufata izindi ngingo.

Umuyobozi w’ibibazo vyerekeye akarere ka Afrika yo hagati mw’ishirahamwe, International Crisis Group, Thierry Vircoulon, avuga ko kurwanya ubutegetsi mu Burundi hakoreshejwe ibirwanisho biza vyatanguye mu Burundi. Ngw’ibiriko biraba n’ibintu bigaragara muri iki gihe, ngw’ivyo bikaba atari ibintu bishobora gutuma vyoroha ko haba ibiganiro muri iki gihe.

XS
SM
MD
LG