Uko wahagera

Prezida wa Somalia, Sheikh Sharif Sheikh Ahmed Yararusimye kw’Igeragezwa ry’Ukumugandagura


Prezida wa Somalia, Sheikh Sharif Sheikh Ahmed
Prezida wa Somalia, Sheikh Sharif Sheikh Ahmed

Yari avuye mu rugendo mu gisagara ca Afgoye, inteko z’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika n’inteko za Reta ya Somalia zatujijemwo umugwi al-Shabab ku musi wa mbere.

Abantu bitwaje ibigwanisho bararashe ku modoka zari ziherekeje prezida Sheikh Ahmed mu karere ka Alamada, hafi y’ibilometero cumi na bitanu, mu burengero bw’umurwa mukuru wa Somalia, Mogadisho. Yari avuye mu rugendo mu gisagara ca Afgoye, inteko z’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika n’inteko za Reta ya Somalia, zatujijemwo umugwi al-Shabab, ku musi wa mbere.

Seynab Abukar, umumenyeshamakuru w’Ijwi rya Amerika, muri Service y’igi Somali, yari muri izo modoka zari ziherekeje prezida Sheikh Ahmed, yatangaje ko prezida Sheikh Ahmed ataco yabaye, yamara uwukingira ubuzima bwiwe yarishwe, abandi bantu indwi barakomereka.

Umugwi al-Shabab wariyitiriye ico gitero. Abategetsi batangaza ko bahagaritse abandi bantu bane bikekwa.

Abukar yamenyesheje kw’imodoka zari ziherekeje prezida Sheikh Ahmed, zashoboye gushika amahoro mu gisagara ca Afgoye, mu bwabaye ubwa mbere mu kiringo c’imyaka itandatu.

XS
SM
MD
LG