Uko wahagera

Prezida Salva Kiir Aragabisha Imigwi y'Abagwanyi


Prezida Salva Kiir wa Sudani y'Ubumanuko

Prezida Salva Kiir wa Sudani y'Ubumanuko

Prezida Salva Kiir wa Sudani y’Ubumanuko amenyesha ko agiye kwihagurukira we nyene akagwanya imigwi y’abitwaje ibigwanisho, ngo ari hamwe badaharitse ibitero bariko barakorera kuri rimwe mu mabarabara akomeye, ari hagati mu gihugu.

Ivyo Prezida Kiir yabivugiye mw’ihuriro ry’abanywanyi b’umugambwe wiwe, k’umugwa mukuru wa Sudani y’Ubumanuko, i Juba, aho yavuze ko adashobora kubandanya yihanganira abavuga ko bashaka gutembagaza intwaro yiwe.

Mu ndwi iheze, abaserukira Reta hamwe na ONU barateye ivyatsi ibitero vyabaye, bivugwa ko vyari bitumbereye abanyagihugu bo mu bwoko bumwe.

Festus Mogae, umurongozi w’umugwi ujejwe gucungera ishigwamungiro ry’amasezerano y’amahoro yateweko igikumu mu 2015 atuma urutoke impande zompi, akavuga ko ayo masezerano atubahirijwe, atakibuza intambara zizosubira kwaduka.

XS
SM
MD
LG