Uko wahagera

Prezida Obama Yaratanguye Igikorwa c’Ukwiyamamariza Gusubira Kuyobora Amerika


Prezida Obama
Prezida Obama

Prezida Obama yavuze kw’uwo bahiganwa, wo mu mugambwe w’Abarepublicains, Mitt Romney yobandanya imigambi yananiwe y’abo mu mugambwe w’aba Republicains hamwe yotorwa.

Prezida wa Amerika, Barack Obama, yaratanguye icese igikogwa c’ukwiyamamariza gusubira gutorwa kuyobora Amerika mw’ikoraniro yagirishije mu ntara ya Ohio.

Prezida Obama yabwiye abantu bariko bamutega amatwi kw’ishule kaminuza ya Columbus ko Amerika itorohewe ku vyerekeye kuva mu bibazo bikomeye vy’ubutunzi. Yamara yavuze kw’intambwe zitari nke zashitsweko kugira umuntu asubire inyuma muri iki gihe.

Prezida Obama yavuze kw’uwo bahiganwa, wo mu mugambwe w’Abarepublicains, Mitt Romney yobandanya imigambi yananiwe y’abo mu mugambwe w’aba Republicains hamwe yotorwa. Prezida Obama yavuze Reta yiwe itazosubira inyuma, ngo bariko batera baja imbere.

Prezida Obama yavuze kw’uwo bahiganwa Mitt Romney atuma ibibazo vy’Abanyameria basanzwe. Prezida Obama ariko arondera gusubira kwitoza kuyobora Amerika mu gihe igihugu kigeramiwe n’ubushomeri n’ubutunzi bubandanya bwikwega. Inyuma yaho prezida Obama yaragirishije ikoraniro rya kabiri ku murwa mukuru w’intara ya Virginia, Richmond.

XS
SM
MD
LG