Uko wahagera

Prezida Obama Atewe Amakenga N'ivyo Trump Yavuze


Prezida Barack Obama wa Reta Zunze Ubumwe Zunze za Amerika
Prezida Barack Obama wa Reta Zunze Ubumwe Zunze za Amerika

Prezida Barack Obama wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika amenyesha ko ivyo umukandida w’aba Republikani, Donald Trump avuga kubijanye nuko amatora ahengamye, atar’umukino.

Ivyo Prezida Obama yabivuze kur’uyu wa kane, mu gisagara ca Miami, kiri muri Reta ya Floride, aho yari mu myiyamamazo yo gushigikira umukandida Hillary Clinton. Prezida Obama yamenyesheje ko ivyo umukandida Trump yavuze bidahumuriza ku ntwaro ya demokrasi. N’inyuma y’aho umukandida Trump atangarije imbere y’abayoboke biwe ko azokwemera ivyavuye mu matora ari hamwe yayatsinze.

Prezida Barack Obama yaneguye kandi umukenguzamateka w’aba Republikani, Marco Rubio, aserukira Reta ya Floride, mu kuvuga ko atarakwiye kubandanya ashigikira Donald Trump, bivuye ko yamusuzuguye kuva bagitangura amahiganwa yo kw’itoza, no kubona abandanya kumushigikira inyuma y’aho Trump yitwariwe n’abakenyezi batari bake ku nyifato yabagizeko.

XS
SM
MD
LG