Uko wahagera

Prezida Mushasha w’Igihugu ca Misiri, Yategetse Inama Nshingamateka Iyobowe n’Aba Islamu Gusubira Gukorana.


Prezida Mushasha w'Igihugu ca Misiri, Mohamed Morsi
Prezida Mushasha w'Igihugu ca Misiri, Mohamed Morsi

Prezida w’igihugu ca Misiri, Mohamed Morsi yasohoye itegeko ejo ku musi w’Imana risaba abashingamateka gusubira guhura

Ivyo vyihojeje ingingo y’igisirikare y’ugukuraho inama nshingamateka bifatiye ku ngingo yafashwe na sentare nkuru y’igihugu ca Misiri mu kwezi guheze.

Prezida w’igihugu ca Misiri, Mohamed Morsi yasohoye itegeko ejo ku musi w’Imana risaba abashingamateka gusubira guhura. Yongeye ategeka kw’amatora mashasha y’abashingamateka aba mu kiringo c’imisi mirongo itandatu inyuma y’iyemezwa ry’ibwirizwa nshingiro rishasha ry’igihugu ca Misiri.

Sentare nkuru yubahiriza ibwirizwa nshingiro y’igihugu ca Misiri yatagetse kw’inama nshingamateka isamburwa inyuma yuko isanze hari amakosa yabaye mu mugambi werekeye amatora. Abategetsi b’abasirikare bari bayoboye igihugu ca Misiri ico gihe barashize mu ngiro iyo ngingo, bakaba bihaye ubutegetsi bw’inama nshingamateka bonyene ubwabo mu gihe ata nama nshingamateka yari ihari.

Benshi mu bashingamateka bashasha bava mu mugwi wigeze kuziririzwa, Muslim Brotherhood, umugwi wa politike prezida Morsi yavuyemwo inyuma yuko ashikiye ubutegetsi.

XS
SM
MD
LG