Uko wahagera

Prezida Mushasha w’Igihugu ca Misiri Yararahiye mu Mabanga y’Ukuyobora Igihugu

  • VOA

Prezida Mushasha w'Igihugu ca Misiri, Mohamed Morsi

Prezida Mushasha w'Igihugu ca Misiri, Mohamed Morsi

Prezida Morsi yarashikirije ijambo abategetsi n’abamushigikiye amajana n’amajana bari bakoraniye kw’ishule kaminuza y’I Cairo ejo ku musi wa gatandatu

Prezida Mohamed Morsi yaremereye kazoza keza Abanyamisiri, mu kuvuga kw’igihugu ca Misiri casezeye intwaro y’igisirikare.

Prezida Morsi yarashikirije ijambo abategetsi n’abamushigikiye amajana n’amajana bari bakoraniye kw’ishule kaminuza y’I Cairo ejo ku musi wa gatandatu amasaha makeyi inyuma yuko arahiye mu mabanga y’umuprezida wa mbere w’umusivile avuye mu matora mu gihugu ca Misiri.

Mw’ijambo ryiwe, Morsi yasavye Abanyamisiri guhagarika akajagari. Yariyemeje kugwanira ubutungane bw’abanyagihugu, asaba igisirikare gusubira mu mabanga yaco y’ugukingira Abanyamisiri.

Ku bibazo bijanye n’imigenderanire, prezida Morsi yaremeye gufasha ivyo yavuze kw’ari uburenganzira bw’abanyapalestina, akaba yasavye ihagarikwa ry’ubwicanyi .

Ku musi wa gatanu, Morsi yabwiye abamushigikiye ko yifuza gushiraho Reta igizwe n’aba Islamu, Aba Kristu n’Abapfasoni.

XS
SM
MD
LG