Uko wahagera

Gambiya: CEDEAO Ivuga ko Yiteguye Gukoresha Inguvu


Gambia Political Crisis
Gambia Political Crisis

Adama Barrow, yatowe mu kibanza c’Umukuru w’Igihugu muri Gambiya, yabonanye n’abategetsi batandukanye baturuka mu karere ka Afrika y’Uburengero, basanzwe bari mu gikorwa co gutorera umuti ibibazo biri muri Gambiya.

Ni mu gihe Prezida Jammeh yatangaje ko atazova k’ubutegetsi, Sentare Nkuru y’Igihugu idaciye urubanza ku bijanye n’ibirego yashikirije. Abavyihweza bakavuga ko urwo rubanza rushobora gufata amezi atari make rutaracika.

Adama Barrow yatsindiye amatora yaritabiye inama y’akarere ka Afrika y’Uburengero kur’uyu wa gatandatu. Barrow amenyesha ko ariko aritegurira ibirori vyo kumwimikwa k’umugaragaro k’umunsi wa kane w’iyi ndwi buca itangura. Ibihugu bihurikiye mw’Ishirahamwe rya Afrika y’Uburengero, CEDEAO bimenyesha ko vyiteguye gukoresha inguvu, mu gihe Yahya Jammeh yoba yanse kuva k’ubutegetsi nkuko abisabwa.

Prezida Muhammadu Buhari wa Nijeriya n’abategetsi batandukanye bo mu karere, bari batunganije umubonano na Prezida Jammeh k’umunsi wa gatanu, mu ntumbero yo kumushikiriza ubuhungiro mu gihe yokwemera kuva k’ubutegetsi, yamara uwo mubonano ukaba ataco washitseko.

XS
SM
MD
LG