Uko wahagera

Amatora y’Umukuru w’Igihugu muri Zambia


Amatora y’Umukuru w’Igihugu muri Zambia
Amatora y’Umukuru w’Igihugu muri Zambia

Benshi mu bagiye gukurikirana amatora yo muri Zambia bavuga ko bitoroshe kumenya uwuzoyatsindira

Muri Zambia, amatora yatanguye uyu musi. Abahiganira ikibanza c’umukuru w’igihugu ni Perezida Rupiah Banda, asanzwe ari n’umukuru w’umugambwe “Movement for Multiparty Democracy”, hamwe n’umukuru w’umugambwe Patriotic Front, utavuga rumwe na reta, Michael Sata. Benshi mu bagiye gukurikirana ayo matora yo muri Zambia bavuga ko bitoroshe kumenya uwuzotorwa, ariko ko ubudasa hagati y’ubu no mu matora y’umukuru w’igihugu aheruka, mu 2008, ar’uko ubu abatora biyongereye gushika ku muliyoni w’imiyabaga.

Paul Mwansa, umuhumure w’imyaka 44, akora akazi ko kwubaka, ku mugwa mukuru, Lusaka, yabariye Radyo Ijwi rya Amerika ko imisore yagiye gutora ari myinshi, k’uburyo vyatumye ishobora kugira ico ihinduye, ku neza y’abatavuga rumwe na reta.Mwansa avu ati: uko ndabibona, kubwanje, n’uko abantu batoye uyu musi, hagwiriyemwo abafise imyaka 20, iyo misore n’inkumi bavutse igihe umugambwe ”Movement for Multiparty Democracy” wavuka mu 1991. Abatavuga rumwe na reta ba kera, bagumye bavuga ko bazogira ivyo bahiduye biherera mu majambo gusa. Ariko uko ndabibona ab’ubu bagomba gushira mu ngiro ivyo bemeye.

Benshi mu miyabaga itora, nta kazi ifise, Mwansa akavuga ko umugambwe Patriotic Front wa Michael Sata washimikiye kuri ico kibazo. Umugambwe Patriotic Front wa Sata, wemeye ko uzokwongereza akazi mu gwaruka. Ugwaruka narwo rurarindiriye. Umugambwe Patriotic Front wa Sata, wagumye wemera kandi ko uzokwongereza amategeko yorohereza abakene kuko ibice 60/100 vy’abanya Zambia babayeho musi y’amadolari abiri ku musi.

Mu bisanzwe, iharura ry’amajwi muri Zambia rimara imisi itatu

XS
SM
MD
LG