Uko wahagera

Amasezerano yo Gufashanya Hagati y’Uburundi na Afrika y’Epfo


Amasezerano yo Gufashanya Hagati y’Uburundi na Afrika y’Epfo

Amasezerano yo Gufashanya Hagati y’Uburundi na Afrika y’Epfo

Amasezerano yo gufashanya yashizweko umukono, i Bujumbura, yerekeye ibisata bitandukanye : uburimyi, indero, ubudandaji, gucuruza, gucukura ubutare, no gufashanya mu bindi bikorwa vy’iterambere

Perezida wa Afrika y’Epfo, Jacob Zuma, na mugenzi we, Petero Nkurunziza, Perezida w’Uburundi, baraye bashize ibikumu ku masezerano yo gufashanya.

Ayo masezerano yo gufashanya yaraye ashizweko umukono n’abakuru b’ibihugu, Jacob Zuma, na Petero Nkurunziza, i Bujumbura, yerekeye ibisata bitandukanye vy’uburimyi, indero, ubudandaji, gucukura ubutare, no gufashanya mu bindi vyose vyotuma Afrika y’Epfo n’Uburundi bigira intambwe mw’iterambere. Ayo masezerano ntatomora neza ibigiye gukorwa n’ikiringo bizorangurwamwo.

Inyuma y’umubonano Perezida Petero Nkurunziza yahaye mugenzi we, umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo, yabwiye abamenyeshamakuru ko gushinga isoko rimwe rya Afrika yo hagati, Afrika yo m’ubuseruko na Afrika y’Epfo, biri mu vyiyumviro bashimikiyeko. Imbere y’inama nshingamateka, Perezida Jacob Zuma yavuze ati : si naje kuvuga ivya poritike ibijanye n’ibiganiro, ndi ngaha kugira tuganire ku vyerekeye gusanura ivyasambutse inyuma y’intambara, twongere tuvugane ku bijanye n’iterambere. Jacob Zuma yasavye Abarundi gukunda igihugu cabo, gukura amaboko mu mpuzu bakagiteza imbere no kubumbatira amahoro n’umutekano.

Ku musi wa mbere w’urugendo gwa Jacob Zuma, abo bategetsi babiri, Petero Nkurunziza na Jacob Zuma baganiriye n’abagwizatunga. Umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo yaragendeye kandi ihinguriro ry’icayi. Mu rugendo rwarangiye uwo musi nyene, Jacob Zuma yari yasherekejwe n’abashikiranganji bane n’abagwizatunga bashika amajana abiri. Jacob Zuma yemeje ko ata nkenka abagwizatunga bo muri Afrika yo mu bumanuko bagiye gukorera cane mu Burundi. N’ubwo atashimye kuvuga ivya poritike, imwe mu migambwe itavuga rumwe na reta yatangaje ku maradiyo ko igikorwa ca mbere categerezwa kuba ico kuremera reta, kugira ngo igiranire ibiganiro n’abo batavuga rumwe.

XS
SM
MD
LG