Uko wahagera

Ubushinwa buriyamiriza uwo wese ashaka kubutegeka


Igihugu c’ubushinwa catangaje, kur’uyu wa kabiri, ko ata gihugu na kimwe gifise ububasha bwo gushiraho amategeko akigenga canke agenga abanyagihugu baco. N’inyuma y’aho Reta Zunze Ubumwe za Amerika isohoreye ibihano Ishirahamwe ryo mu Bushinwa, ku bijanye no gushigikira Koreya ya Ruguru mw’ihingugwa ry’ibigwanisho ruhonyanganda.

Abategetsi bajejwe ikigega muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika bamenyesha ko basohoye ibihano bijanye n’ubutunzi kw’ishirahamwe ry’Igihugu c’Ubushinwa, risanzwe riranguza ama mashini, hamwe n’abarirongoye.

Geng Shuang, Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Ubushinwa n’ayandi makungu, amenyesha ko Ubushinwa bushigikiye ibihano vya ONU kuri Koreya ya Ruguru, bivuye ko bwateye igikumu ku masezerano yo kugwanya ibigwanisho ruhonyanganda. Yamara ko ishirahamwe canke abantu bahanwa habanje kuba umwumvikano n’Igihugu c’Ubushinwa.

Mwomenya ko Igihugu c’Ubushinwa gisanzwe gicuditse cane na Koreya ya Ruguru, gihakana programa ya Koreya yo gukoresha ibigwanisho ruhonyanganda n’ibitero vya misile, yamara kikaba kitanezerejwe n’ibitero Koreya ya Ruguru yakoze, aho iherutse gutera misile ku mupaka w’ivyo bihugu bibiri.

XS
SM
MD
LG