Uko wahagera

Perezida wa Gabon Ali Bongo Arakitswe n'Amagara


Perezida wa Gabon Ali Bongo
Perezida wa Gabon Ali Bongo

Ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Gabon vyemeje, mu bwabaye ubwa mbere, ku musi w’Imana ko Prezida Ali Bongo amaze hafi y’indwi zitatu ari mu bitaro mu gihugu ca Arabiya Sawudite, arwaye bikomeye. Ivyo biro bimenyesha yamara ko ariko atera agira mitende.

Umuvugizi w’ibiro vya prezida, Ike Ngouoni, avuga ko Ali Bongo yajanywe mu bitaro ku murwa mukuru wa Arabiya Sawudite, Riyadh ku italiki 24 z’ukwezi kw’icumi. Ivyerekeye amagara ya Prezida Bongo vyari vyagumijwe mw’ibanga vyatumye haba urukurukuru rutandukanye harimwo ko yoba yasinzikajwe bikomeye cane n’indwara canke yapfuye.

Ku bw’amakuru atangazwa n’abaganga biwe, aramaze gutora mitende biboneka. Avurwa ko yari yaviriranye mu bwonko. Abaganga biwe bavuga ko yatanguye imyimenyerezo y’ugusubira kuronka inguvu mu mubiri wiwe.

Umuvugizi w’ibiro vya perezida atangaza ko Ali Bongo abandanya kurangura amabanga yiwe y’umukuru w’igihugu. Avuga kandi ko inzego za Reta zibandanya kurangura imirimo yazo nk’uko bisanzwe, hisunzwe ibwirizwa shingiro.

Urwego rujejwe kugenzura itangazamakuru muri Gabon rwamenyesheje ku musi wa gatanu ko rwahagaritse ikinyamakuru, L’Aube mu kiringo c’amezi atatu kubera urwandiko rwavuga ko igihugu citwara kubera Prezida Bongo ari mu bitaro.

Umukuru w’ico kinyamakuru, Orca Boudianzda Mouelle, avugwa kandi ko yaziririjwe gukora mu kiringo c’amezi 6.

.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG