Uko wahagera

Perezida wa Somaliya Asaba Urwaruka Gutaha


Perezida Hassan Sheikh Mohamud wa Somaliya

Perezida Hassan Sheikh Mohamud wa Somaliya

Perezida Hassan Sheikh Mohamud wa Somaliya avuga ko yipfuza kubona urwaruka ruba mu mahanga rutahuka rugafasha gusanura igihugu.

Ivyo Perezida Mohamud yabishikirije mu kiganiro yagiranye n'Ijwi rya Amerika, ku mugwa mukuru wa Somaliya, I Mogadiscio.

Perezida Mohamud avuga ko amashirahamwe menshi akomeye, y’abikorera utwabo akorera I Mogadiscio, amaduka maninimanini, hamwe n’ama hoteri, ar’ay’urwaruka gw’abasomaliya baba mu mahanga.

Ayo mashirahamwe yatanguye kubakwa kuva mu mwaka w’2011, igihe umugwi w’iterabwoba al-Shabab utujijwe mur’ico gisagara.

Ku kibazo kijanye n’ico Perezida Mohamud, wa Somaliya ariko arakora kugira atuze imigwi y’iterabwoba aho muri Somaliya, yishuye avuga ko abajejwe umutekano bategerezwa kujana n’uburyo bushasha abagwanyi bakoresha mu bitero vyabo.

Mwomenya ko igitero ca nyuma giheruka aho muri Somaliya, cabaye itariki 30 z’ukwezi guheze kw’8, cahitanye abantu bashika ku 20.

Perezida Muhamud, yarongoye Somaliya kuva mu mwaka w’2012. Ategekanya kwitoza kandi mu mpera z’uyu mwaka, amatora azoca mu nama nshingamateka.

XS
SM
MD
LG