Uko wahagera

Gabon: Iyimikwa rya Perezida Ali Bongo


Perezida Ali Bongo
Perezida Ali Bongo

Perezida Ali Bongo yatsindiye amatora y’Umukuru w’Igihugu muri Gabon yaraye yimitswe gutwara ikiringo ca kabiri c’imyaka 7. Mu ndahiro yarahiye harimwo kwazokingira Ibwirizwa Shingiro, agatwara abanyagihugu mu buringanire.

Yahamagariye abo batavuga rumwe kwicara bakaganira. Yamara uwo bahiganywe, Jean Ping, yarahiye ko batazokwicarana, kuko yagiriza Perezida Bongo ko yivye amatora.

Intsinzi ya Perezida Ali Bongo, yateye amakenga abatari bake, bivuye ko yarushije amajwi atarenga 6.000 uwo bahiganwa, Jean Ping. Ikiringo ca kabiri ca Perezida Bongo nticakiriwe neza kandi n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afurika, hamwe n’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU. Nayo Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ibihugu vya Buraya rimenyesha ko ribabajwe n’uburyo amatora atagaragayemwo umuco.

Abantu bashika kuri 6 baraguye mu myiyerekano yabaye hagitangazwa ivyavuye mur’ayo matora.

Mwomenya ko Perezida Ali Bongo asanzwe aturuka mu muryango umaze imyaka 49 urongoye Igihugu ca Gabon, kimwe mu bihugu vya Afurika bisanzwe bicukura igitoro.

XS
SM
MD
LG