Uko wahagera

Ibibazo vy'Umutekano Muri Somalia


Mu nama ihuza ibihugu vyarungitse abasirikare guhagararira amahoro muri Somalia, Perezida Pierre Nkurunziza yabwiye amakungu ko imigwi ihungabanya umutekano muri Somalia, ishobora kubangamira umutekano kw'isi. Mu nama ihuza ibihugu vyarungitse abasirikare guhagararira amahoro muri Somalia, Perezida Pierre Nkurunziza yabwiye amakungu ko imigwi ihungabanya umutekano muri Somalia, ishobora kubangamira umutekano kw'isi. Mu nama ihuza ibihugu vyarungitse abasirikare guhagararira amahoro muri Somalia, Perezida Pierre Nkurunziza yabwiye amakungu ko imigwi ihungabanya umutekano muri Somalia, ishobora kubangamira umutekano kw'isi. Mu nama ihuza ibihugu vyarungitse abasirikare guhagararira amahoro muri Somalia, Perezida Pierre Nkurunziza yabwiye amakungu ko imigwi ihungabanya umutekano muri Somalia, ishobora kubangamira umutekano kw'isi.

Perezida w'Uburundi aherutse gusaba amakungu ngo ahagurukire ikibazo c'umutekano muri Somalia. Mw'ijambo Perezida w'Uburundi, Pierre Nkurunziza, yashikirije ariko arugurura icese Inama ihuza ibihugu vyarungitse abasirikare bahagararira amahoro muri Somalia, yasavye amakungu kudafata minenerwe ikibazo c'imigwi ihungabanya umutekano muri Somalia. Perezida Nkurunziza yavuze ati" amakungu akwiye guhagurukira igikorwa co kugarukana amahoro muri Somalia, kuko imigwi ibangamiye umutekano muri ico gihugu, hamwe yokomera, irashobora kubangamira umutekano kw'isi.

Mur'iyo nama y‘imisi itanu yabereye I Bujumbura, mu Burundi, Perezida Pierre Nkurunziza yatangaje ko igihugu ciwe citeguriye kwongereza igitigiri c'abasirikare, hamwe ishirahamwe mpuzamakungu ONU n'Ubumwe bwa Afrika vyokwemera gutanga ibijanye n'uburyo, n’ukuvuga amafaranga n'ibikoresho. Umukuru w'igihugu c'Uburundi yasavye abitavye Inama guca hirya no hino igikorwa co guhagararira amahoro n’umutekano muri Somalia; kuraba intambwe imaze gushikwako, n'ingorane abasirikare barungikwayo bagira.

Inkuru zitangwa n'abasirikare b'Abarundi bari muri Somalia, zikemezwa na bamwe mu barongoye igisoda badashima ko amazina yabo amenyekana, zivuga ko abasirikare bari muri Somalia bamaze amezi atandatu bataronka imishahara isanzwe itangwa n'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika riri mu batunganije iyi nama y'i Bujumbura. Ishirahamwe ry'ibihugu vya Bulayi, abaserukira ONU n'ibihugu vyabo mu Burundi, bari mu bitavye iyo nama. Bitegekanijwe ko mu vyo iyo nama ishikako, haba urwandiko rwerekana neza ivyo amakungu asabwa, kugira ngo ico gikorwa kirangurwe neza.

Uburundi na Ouganda bifise abasirikare bashika ibihumbi bitandatu muri Somalia. Abasirikare b'Abarundi barenga mirongo ibiri baramaze gusiga ubuzima mu bitero vy'abihevyi b’Abasomalia bo mu mugwi Al-Shabaab. Uwo mugwi ubandanya ugabisha ko ushobora kugira ibitero mu Burundi no mu Buganda.

Mu nama ihuza ibihugu vyarungitse abasirikare guhagararira amahoro muri Somalia, Perezida Pierre Nkurunziza yabwiye amakungu ko imigwi ihungabanya umutekano muri Somalia, ishobora kubangamira umutekano kw'isi.

XS
SM
MD
LG