Uko wahagera

Papa Fransisiko Asaba Abanyaburaya Kwakira Impunzi


Papa Fransisiko
Papa Fransisiko

Papa Fransisiko, arongoye idini katolika, yateye akamo ibihugu vya Buraya abisaba kwakira impunzi zihunga intureka, mu ntumbero yo kugabanya iterabwoba no gukomeza umutima w’ubuntu no gufashanya.

Mu nama yamuhuje n’abahoze biga mu mashure y’aba jesuite mu bihugu vya buraya, kur’uyu wa gatandatu, Papa Fransisiko yibukije abari mur’iyo nama ko umutima w’ukuri urangwa no gufasha, ari wo ugize umutekano wabo no kurindwa ibikorwa vy’iterabwoba.

Papa Fransisiko yongeye yibutsa abar’aho ko abantu barenga imiliyoni 65 mw’isi ar’impunzi. Avuga kw’ico gitigiri ari kinini cane. Intumbero y’iyo nama yar’ukurabira hamwe ibijanye n’abimukira hamwe n’impunzi, no kwigira hamwe icokorwa.

XS
SM
MD
LG