Uko wahagera

Urwaruka Ruhurikiye Mu Mugambwe Uri Ku Butegetsi, Ruragirizwa Ubugizi bwa Nabi


Umukuru w’umugambwe uri ku butegetsi, Pascal Nyabenda, arahakana ibirego vyashikirijwe n’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, bivuga kw’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi ruzwi kw’izina Imbonerakure, rwama rwateye ubwoba abanyagihugu, rugatangisaha amatagisi mu buryo butemewe n’amategeko, rukanagandagura abanyagihugu mu bice bitari bike vy’igihugu.

Bimwe mur’ivyo birego, vyashikirijwe n’umukuru w’umugambwe Uprona, Bonaventure Niyoyankana: Iraddiyo Ijwi rya Amwerika, yarashikiriye abo bashingantahe uko ari babiri, mu mugambi wo kurondera inkuru y’imvaho kur’ivyo birego:

Dutege amatwi abo bakuru b’imigambwe, Pascal Nyabenda na Bonaventure Niyoyankana:
please wait

No media source currently available

0:00 0:20:20 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG