Uko wahagera

Kongo: Umwanzuro ku Kibazo cy'Impunzi


Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko ririko rirakora ibishoboka vyose kugira rirangize uruja n’uruza rw’impunzi mu buseruko bwa Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo.

Kimwe mur’ivyo n’ukurondera umuti urama ku kibazo c’impunzi ziharurwa mu ma miliyoni zahunze izabo mur’ako karere. Igihugu ca Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo nico gihugu muri Afrika kimaze imyaka myishi mu ntambara zisinzikaza ubuzima bw’abantu ufatiye ku ntambara zibera mu buraruko n’ubumanuko bw’intara ya Kivu, intara ya Ituri no mu Buraruko bw’intara ya Katanga.

Umutekano muke urangwa mu bihugu bibanyi watumye abantu baharurwa mu bihumbi bajabuka muri Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo kuronderayo ubuhungiro. Ishirahamwe rya ONU ryita ku mpunzi kw’isi HCR rimenyesha ko mu mwaka uheze mur’ico gihugu haharurwa abantu barenga imiliyoni zibiri n’igice bataye izabo bahungira hagati mu gihugu. Impunzi zirenga ibihumbi ijana nizo zahungiye mur’ico gihugu zivuye mu bihugu bibanyi.

Umushingwabikorwa muvyo kugarukira ku bantu yarungitswe na ONU muri Kongo Mamadou Diallo amenyesha ko ibintu vyohinduka mugihe hoboneka ugushaka kwa reta kandi hakaboneka n’uburyo bw’amafaranga yofasha izo mpunzi kuva mu buzima bwo kwama bateze amashi bagasubira mu buzima bwabo bwa mbere

XS
SM
MD
LG