Uko wahagera

ONU Ivuga ko Abarundi Babayeho mu Bwoba



Umukuru w’igisata ca ONU giharanira agateka ka muntu, Zeid Ra'ad Al Hussein, amenyesha ko Uburundi buri mu bihe bushobora kwinjira mu bwicanyi bwo k’urugero ruhanitse.

Ivyo Zeid yabibwiye inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano kuwa gatanu. Amenyesha ko mu Burundi hakigaragara guca kubiri n’uburengenzira bwa kiremwa muntu n’ingeso yo kudahana ababa bagira ivyaha.

Zeid abandanya avuga ko abarundi bama batekewe n’ubwoba, ati naho bigaragara ko Reta iriko iratera intambwe mu kurekura abanyapolitike bari mu busho, agateka kazina muntu ko kabandanya gahonyangwa.

Zeid yamenyesheje ko kuva aho umunyamabanga mikuru wa ONU Ban Ki-moon agendeye Uburundi habandanije hafatwa abantu muri ico gihugu kandi hari amaraporo yerekana ko ivyo kuboreza igufa abantu bibandanya.

Aheraheza avuga ko igihe Ban Ki Moon yagendera Uburundi, Reta yemeye kurekura imbohe za politike. Ati ariko 47 gusa nibo bamaze kurekurwa.

XS
SM
MD
LG