Uko wahagera

Obama ku biganiro vyerekeye umwenda wa reta zunze ubumwe za Amerika.


Obama ku biganiro vyerekeye umwenda wa reta zunze ubumwe za Amerika.
Obama ku biganiro vyerekeye umwenda wa reta zunze ubumwe za Amerika.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru muri presidence ya amerika, umushingantahe Obama, yavuze kw’ibiganiro aherutse kugira n’abategetsi bo muri Congres ya amerika, vyateye intambwe imbere, yatumye ibintu batumvikanako, bigabanuka.

Igihe yariko avuga kw’umwanya w ’ibiganiro uri hafi yo kurengana, umushingantahe Obama yavuze kw’uyo mugambi mushasha uriko ushikirizwa n’umurwi w’abasenateri batandatu, ar’intambwe ikomeye mu nzira nziza, ishobora gutuma abategetsi bo mu migambwe yose uko ari ibiri, bahurira hagati.

Yavuze kw’ikintu uyo mugambi uvuga, ar’uko abategetsi bakwiye gufata nka nkama ikibazo co kugabanya umutahe igihugu gikoresha, haba ku vyerekeye imigambi ya reta canke imigambi yo kwivuna abansi. Yavuze kw’abategesi bategerezwa gufata nka nkama ikibazo cerekeye umutahe ukoreshwa mu migambi yo kuvuza abanyagihugu, kandi bategerezwa no kurondera uburyo bwo kwinjiza amafaranga.

Umushingantahe Obama yavuze ko presidence ya Amerika, ariho yar’ikironka uyo mugambi mushasha, avuga kw’ar’umugambi utanze akaryo ko gutangura gukora. Naho bimwe mu vyanditse mur’uyo mugambi, bidahuye n’ivyo yari yashikirije, yavuze ko biri mu ntumbero imwe.

President yavuze ko yizeye kw’uyu musi ku wa gatatu, abategetsi bo muri Congres ya Amerika, bazoba biteguriye kwicarira ikibazo gikomeye co gutunganya umugambi, uzogabanya igitigiri c’amafaranga ari mu ruhombo, ukongera ukaduza n’igitigiri c’umwenda reta zunze ubumwe za amerika zirekuriwe kugurana, gishika mu trillion 13 na Billioni zitatu z’amadolari.

President yavuze kandi ko bikenewe kwibangikanya uwundi mugambi w’agateganyo, uriko utegurwa n’abategesi b’abasenateri barongoye abandi mu migambwe mikuru uko ari biri, Harry Reid hamwe na Mitchel McConnell, ngo, mu gihe uyo mugambi mushasha, ataco woshikako.

Igihe yariko yishura ku vyerekeye niba uyo mugambi mushasha uriko ushikirizwa n’umurwi mutoyi w’abasenateri, ushobora gutuma abategetsi bo mu migambwe yose bahurira hagati, umushingantahe Obama yavuze kw’abategetsi bakwiye kureka gushira imbere ibibazo vya politike.

President Obama yavuze kw’umwanya wo gutanga inyishu zitagira ifatiro, warenganye. Yavuze kw’ata mwanya wo kwishira imbere mu vyerekeye politike ukihari. Yavuze kw’ahubwo iki ar’igihe co kwicarira ico kibazo, kugira gitorerwe inysihu.

Umushingantahe Obama yavuze kw’ibiganiro bigoye bikiri mu nzira, yongera avuga ko naho presidence ya Amerika yemera ibintu biri mur’uyo mugambi mushasha uriko urashikirizwa n’umurwi w’abasenateri, bizokenerwa kw’abategetsi bo mu migambwe yose, bashigikira uyo mugambi, mur’iki gihe ikiringo ca nyuma co gutorera inyishu ico kibazo, kiriko kirashika.

XS
SM
MD
LG